AUJOURD'HUI
138
SEMAINE DERNIERE
4084
PAGES VUES
537510
TOTAL VISITES
601149

ITANGAZO RYO MU BUSHIKIRANGANJI WO KWEGEREZA UBUTEGETSI ABENEGIHUGU NO GUTUNGANYA INTWARO N’INZEGO Z’IGIHUGU

ITANGAZO

1. Ubushikiranganji wo Kwegereza Ubutegetsi Abenegihugu no Gutunganya Intwaro n’Inzego z’Igihugu buri n’iteka ryo kumenyesha Abarundi bose muri rusangi na cane cane Abarongoye amakomine ko kw igenekerezo rya 27 Nyandagaro 2019 ariho hatunganijwe igikorwa co gusuzuma amakomine ingene yitunganije mu mwaka w’2018.

2. Muri uno mwaka w’2019, amakomine yo mugisagara ca Bujumbura nayo nyene azosuzumwa kurya kw’ayandi makomine yo mu gihugu hagati.

3. Aho bukera ku wa mbere igenekerezo rya 26 Nyakanaga 2019, abazosuzuma amakomine bazoshwara intara begereza amakomine kugira bukeye babashe gutangurira igikorwa kw’isaha zibiri zo mugitondo mu gihugu cose.

4. Amakomine yose y’Uburundi azosuzumirwa umusi umwe wo ku wa kabiri igenekerezo rya 27 Nyandagro 2019 kuva isaha zibiri zo mugatondo. Iryo suwumwa rizokurikirwa n’ukunonosora neza ivyarivuyemewo maze bizoheze bimenyeshwe Abarundi bose kw’isango rizomenyeshwa.

5. Tuboneyeho akaryo ko kumenyesha ko iki gikorwa co gusuzuma amakomine catangujwe n’ itegeko nshikiranganji n° 01 / 07 / 2010 ryo kuwa 12 Nyandagaro 2010, rishiraho agatabo karimwo ingingo 75 dukurumwo buri mwaka izo dufatirako mu gusuzuma amakomine. Kuri izo hongerako izategetswe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ku Musi wogoshikiriza ivyavuye mw’isuzuma riheze ry’umwaka wa 2017.

6. Igikorwa co gusuzuma amakomine n’uburyo bwiza burashe bwo guhindura ingendo mu biraba intwari ibereye ko rwego rwo hasi kuko indongozi z’amakomine zaciye zikora nk abahiganwa mugutunganiriza abenegihugu .Ivyo tubibona turavye ingene amanota amakomine aronka mu masuzumwa dukora agenda yongerekana ku mwaka ku mwaka.

7. Ubushikiranganji wo Kwegereza Ubutegetsi Abenegihugu no Gutunganya Intwaro n’Inzego z’Igihugu burashimiye Ubushikiranganji n’inzego zose zafashije mukurungika abakozi babo mu nyigisho nkarishambwenge zabereye i Gitega ku magenekerezo ya 20 na 21 myandagaro 2019, zahariwe ico gikorwa tukaba tubasavye kandi kuzobarungika muri ico gikorwa mu mwanya wose kizomara.

8. Mu bushikiranganji bwo kwegereza ubutegetsi abenegihugu no gutunganya intwaro n’inzego z’igihugu tuboneyeho akanya ko gusaba indongozi zose zo mw ikomine duhereye kuri Musitanteri hamwe n’abakozi basangiye imirimo mw i komine, ko bokwakira neza abo bantu mu ntumbero y’uko ico gikorwa co gusuzuma amakomine kigenda neza.

Umuvugizi w’ubushikiranganji
Stanislas NZEYIMANA

Retour
Discours: President et autres

MESSAGE A LA NATION DU PRÉSIDENT DE LA REPUBLIQUE 4 ANS APRES LA PRESTATION DE SERMENT SUITE AUX ELECTIONS DE 2015

Burundi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves