AUJOURD'HUI
134
SEMAINE DERNIERE
2523
PAGES VUES
491856
TOTAL VISITES
544390

Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza Uburundi buhimbaza umunsi w’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi 2019.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

1. Tubanje gukengurukira Imana Mushoboravyose yama ibungabunga Uburundi n’Abarundi, ikaduha amahoro, urukundo n’Ubumwe mu gihugu cacu. Nihabwe icubahiro kirengeye vyose, integuro yayo ni nziza ku Burundi no ku Barundi.

2. Kuri uyu musi uri hejuru w’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka w’2019, turamutse duhimbaza imyaka mirongo ibiri n’umunani (28) irangiye Abarundi biyemereje amasezerano y’Ubumwe bwabo. Ni umusi uhambaye cane mu buzima bw’Igihugu cacu.

3. Turifurije rero umusi mukuru mwiza Abarundi aho bari hose tubaramutsa tuti : Gire Ubumwe butagira agahemo, Ubumwe bukomoka ku Mana Mushobora vyose, Ubumwe busesekaza urukundo, bukagaragazwa n’ibikorwa, ugukunda igihugu n’Abenegihugu.

4. Uwu mubarwa utubere akaryo ko kwibuka abagize uruhara mu kubungabunga Ubumwe, duhereye kuri ba sokuru batigeze badohoka ku Bumwe bw’Abarundi, na cane cane Umwami Cambarantama dukesha isemo ya mbere y’Ubumwe mu kunywanisha utudumbidumbi twabaho mu kajagari, agashinga Ingoma y’Uburundi, n’abandi bami bamukurikiye gushika ku muzo w’abakoroni.

5. Ntitwokwirengagiza kandi abahabuje intahe y’ukwikukira barongowe n’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, yama arazwa ishinga n’ukubona Abarundi basubiye kubana mu mahoro, inyuma y’ukwiganzura uwari yababivyemwo amacakubiri n’urwanko, Intwari nka Merikiyoro Ndadaye yahuje imitima n’inama vy’Abarundi bakagira urunani rwo guharanira Demokarasi, tutibagiye namwe mwese mutigeze mudohoka kwiragi ryiza ry’abo tudondaguye mu mvugo no mu ngiro vyanyu vya misi yose.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

6. « Tugaragaze Ubumwe, tubugendere muri vyose na hose kandi tubukamishe ibikorwa vy’iterambere », ng’ico Icuvugo twisunga mu kwigina isabukuru igira 28 ry’Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi. Ni akaryo keza ko kwirimbura ku ntambwe tugezeko mu gutsimbataza Ubumwe bwacu, tukongera tukazirikana ko Ubumwe bw’Abarundi butamaze imyaka 28 Amasezerano y’Ubumwe amaze, ko nyabuna Ubumwe bw’Abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze. Nkako, Ubumwe bwamye ari inkingi n’inkinzo vy’Abarundi kuva kera na rindi, bwamye ari Umushinge n’Ishingiro ry’Ibikorwa vyose vy’Abarundi mu mahirwe no mu makuba.

7. Twama twabivuze kandi ntituzorambirwa no kubisubiramwo, Ubumwe bwamanye ikibanza ca mbere mu buzima bw’Abarundi ; ni bwo Uburundi bukesha Iteka n’Itekane bwamanye kugeza uno musi. Ku kaba nkako Uburundi buri mu bihugu bike bivuga ururimi rumwe, Abarundi basangiye imico n’imigenzo kandi bamye basenga Imana imwe rudende.

8. Ubumwe bw’Abarundi bwamye burangwa n’uko Abarundi bose bahuzwa no kwitwa Abarundi, bakabinezererwa kandi bakabigendera. Bose bayoboka Umwami Sebarundi, umutware yemewe na bose, bakambaza Imana imwe baciye ku mukandizi umwe yitwa Kiranga yabarangira inzira ibashikana ku Mana.

9. Abarundi bamye bazirikana ko ari Abenegihugu b’igihugu kimwe barazwe na ba sokuru, ko bategerezwa ku kibungabunga kuko nabo bazokiraga abuzukuru n’abuzukuruza babo, kandi bakazirikana ko Igihugu c’Uburundi ari Umurima w’Isangi basangijwe kandi basangiye n’Imana, maze bakama bagishira mu biganza vy’Imana yakibahaye ngo ikibatungire.

10. Dutegere neza rero ko Ubumwe ari Umuhuza ahuza Abarundi bose, kandi ko ari inzira ishikana kw’iterambere rirama ku neza ya bose. Nta nkeka ko iyo abantu bamaze kwiyumvanamwo nk’abavukanyi, baca bahuza umutima n’inama, bagasangira ikivi n’ikigega, basangira akabisi n’agahiye, bagasangira ugupfa no gukira.

11. Kw’izina ry’Abarundi bose, turasubiye gushima, gushimira no gushimagiza twongera dukeza ba Sokuru baryumyeko bakabana nk’abavukanyi, bagakingira kandi bakabungabunga Igihugu ciza turimwo uno musi. Bari Abagabo b’intwari n’iteka ; barangwa n’ubutore n’ubuhizi. Ni muze rero tugere ikirenge mu cabo, tugendere mu makanda yabo, dukutse ikivi duhereye aho bagejeje isemo, maze abazovuka ejo na hirya y’ejo bazotwivuge, bazodushimagize ntibazovuge ko twabahemukiye canke ko twabaye ibinyaganwanka.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

12. Abakoroni bamaze kubona ko vyabataye kuwamazi ivyo gushira mu ngiro imigambi yabo mu Burundi, bitewe n’uko Abarundi bari bagize urunani rw’intamenwa, baciye bahindura umukenyuro, batangura umugambi ugayitse wo gucanishamwo Abarundi. Ntako batagize ngo bumvishe abonse rimwe ko batavukana, ko bamwe ari abansi b’abandi, bararema kandi bararementanya amazimwe yuzuye umwijima n’umuzimagiza, bacanishamwo bene mugabo umwe ko bamwe baciye ubwenge kuruta abandi, n’ibindi binyoma binyomoje biteye n’isoni kuvuga, ivyo vyose bigakorwa bisunze amacakubiri ashingiye ku bwoko bw’ubwomekerano.

13. Ako kabi n’akabibi vyari mu maraso y’abakoroni, kuko iwabo amacakubiri n’urwanko vyari igitero n’icitabirizo. Akarorero ni mu Bubirigi aho amacakubiri yabaye akaramanda kugeza uno musi. Vyongeye, umuntu atanga ico afise, ba sokuru nabo barayamaze ngo « Imbuto itewe ni yo imera ».

14. Umuntu yokwibaza ati : mbega ko twamenye inyendamuvano y’ihungabana ry’Ubumwe bw’Abarundi, habuze iki kugira ngo tugaruke kuri rwa rukundo n’umubano mwiza vyaranga ba sokuru bacu ?

15. Umuntu yokwibaza ati:mbega ko Abarundi basezeranye mu 1991 kubana mu mahoro, bakavyandika kandi bakavyemeza biciye mu matora, bakubaka ivyibutso, mbere bakamanika ibendera ry’Ubumwe, bagasamiriza n’Indirimbo ihayagiza Ubumwe, kuki butakeye na kabiri Abarundi badasubiranyemwo ? Kuki inganda zatikiye mu kiringo c’imyaka cumi inyuma y’igandagurwa ry’Umukuru w’Igihugu yari yitorewe n’Abenegihugu, Nyenicubahiro Ndadaye Merikiyoro ?

16. Tugerageje gutanga inyishu, twotegera ko ivyo vyose vyatewe n’ishano twatamitswe mu kiringo kirekire. Hakenewe rero ko twemera gufata umurogoro ukwiye kandi umwanya ukwiye, twemere akabi nk’abakuze, na kare inzira yo gukira ingwara ni ukuyemera. Kira noneho ba Sokuru barayamaze bati : “Ibuye riserutse ntiryica Isuka”. Vyaragaragaye ko umuti wageragejwe kera utari umuti ubereye, ari naco catumye ingwara ica igajura.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

17. N’aho ibere ryayaze, Imana yarakinze. Uburundi bwarapfunywe ariko ntibwapfuye, bwarahabishijwe ariko ntibwahababutse. Ukunaguka kw’Uburundi tugukesha Abarundi b’indanga, Abagabo b’Ubuntu n’Ibanga bagumije umutima ku karanga n’akarangamutima vyaranze ba Sokuru. Abo ni bo batumye Uburundi buhorana Ubumwe n’Abagabo n’Itekane, bukaramutswa Iteka.

18. Kubera abo bagabo b’Ubutwari n’Ubuhizi Uburundi bwamanye, Ubumwe bw’Abarundi bugeze ku ntambwe ishimishije. Ku kaba nkako, Ubumwe bw’Abarundi ntibukiri agaseseshwarumuri, ntibukiri mu majambo bubarizwa mu migambi n’imigabo, bukagaragarira mu bikorwa. Bimwe muri vyo bikaba ari ibi bikurikira :

> Amasezerano ya Arusha hamwe n’Amasezerano yo guhagarika intambara burundu yaje kunywanisha Abarundi, abahoze barwana barwana mu nda.

> Intambwe zose zitegekanijwe muri ayo masezerano twarazishitseko, inzego zose zitegekanywa n’ayo masezerano ziri ku kivi kandi ntizikumira.

> Amashure, amabarabara, amazi ya rusengo, amasoko ibitaro, amavuriro, ibibuga vy’inkino, inyubakwa zikoreramwo indongozi, ivyo vyose ni ibikorwa dukesha Ubumwe no gufatana munda kw’Abarundi. Ivyo bikorwa bisa na ca kibiri cahuza Abarundi bo hambere ni imwe mu nyungu dukesha ubumwe.

> Mu gutsimbataza ubwigenge bw’igihugu cacu, Abarundi barishiriyeho bongera baritorera Ibwirizwa Shingiro rivuye mu vyipfuzo vyabo batabanje gutamikwa ijambo no gusaba intererano hanze.

> Umugambi wo kuzirikana Igihugu cacu uhuriza hamwe Abarundi mu butandukane bwabo, bagatahura Amabanga y’Igihugu, gurtyo bakamenya gutandukanya icatsi n’ururo.

> Mu ntumbero yo gutsimbataza Ubumwe no kugaruka ku ngendo yo gufashanya yamye iranga ba Sokuru, haratunganijwe umugambi wo gushigikirana uzokwama uhimbazwa ku musi wa gatandatu wa nyuma w’ukwezi kwa mukakaro uko umwaka utashe.

> Urugendo rw’Urumuri rw’Amahoro rumaze igihe rutunganywa uko umwaka utashe, ruhuza isinzi ry’Abenegihugu mu ntara zose z’igihugu bakarangurira hamwe ibikorwa vy’iterambere,

> Imigenzo myiza yo kugabiranira no kugemuriranira, amanama mpuzamiryango ni bimwe mu vyerekana ko Abarundi bariko baribohora imizana bari baraboshwe na ba karyanishamiryango.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

19. Duhimbaje umusi mukuru w’Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi mu gihe dusigaje umwaka imbere y’amatora y’2020. Turashimishwa n’umutima w’Ubumwe Abarundi bariko baragaragaza mu kwegeranya uburyo bukenewe muri ayo matora.

20. Imbere yo gusozera twashaka tubashikirize inkingi nyamukuru twokwubakirako Ubumwe :

> Ubumwe ntibuherere mu mvugo gusa, tubugaragaze mu ngendo, mu ngiro no mu bikorwa vyacu, eka mu buzima bwa misi yose.

> Ubumwe tubuhere mu ngo zacu, butandukire imiryango n’ikibano, bushware n’aho turangurira imirimo yacu ya misi yose.

> Twipfuza ko Ubumwe butokwigishwa n’indongozi gusa, ariko ko bwoba ikiyago mu ngo, mu mashure, mu madini n’amashengero, mu mashirahamwe n’amakoperative, amasandugu yo kuziganya no kuguranana, mu biganiro bitunganywa n’ibimenyeshamakuru, n’ibindi.

> Tuzirikane ko Uburundi bwubakiye ku bumwe, ko Ubumwe ari iragi twarazwe na ba Sokuru, kandi ko dutegerezwa kuribungabunga kugira ngo tuzorirage abana, abuzukuru n’abuzukuruza bacu.

> Tuzirikane, dukunde, dukundishe kandi duteze imbere Igihugu cacu, twongere tugikundishe uruvyaro rwacu kugira ngo ribe iragi ry’uruhererekane.

> Duteramire amahoro n’umutekano kugira ngo ba karyanishamiryango ntibaronke aho bamenera.

> Tugaragaze umutima w’urukundo duhereye mu miryango no mu kibano, kuko na kare barayamaze ngo : « umuryāngo uhēra mu muryângo ».

> Abarundi bataye akaranga n’akarangamutima mu kuvuga nabi no mukwambika ibara Igihugu cabo na cane cane abacumbitse mu bihugu vy’abakoroni, tubasaba gukubitiza agatima mpembero, bazirikane ko « atawutera ibuye aho yateretse igisabo » kandi bibuke ko « akabande kabaye imanga kataba indagiro ».

> Dukure amaboko mu mpuzu turwize umwimbu. « inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye », kandi ko « mu nda harara inzara hakazinduka inzigo ».

> Twirinde insaku n’ibihuha kuko bijuragiza, bigacanishamwo Abenegihugu, abafise imitima ihuha bagata utwabo bagahunga.

> Tugarukire umuco w’urukundo n’ugufashanya, mu bihe bigoye canke vy’ineza, imico n’akaranga vya basokuru, maze igihugu cacu kirangwe na bwa Bumwe buzira ubumwenyi, Ubumwe bwuzuye bwaranze abaturaze Uburundi.

> Tuzirikane urudahengeshanya ko turi ba samuragwa b’Ubumwe, Twirinde gutetereza no guhemukira ababuturaze.

> Twirinde kuba ba njana n’abaja. Na kare barayamaze ngo : « Uwuja iyo atazi ntazimira kuko aho ashitse hose haba ari aho nyene ». Vyongeye, « Ingeso y’urugo ntiyubaka urundi ».

> Twiyamirize ibikorwa, imvugo canke ingendo bishingiye ku macakubiri.

> Twirinde gukurikira ubwije mu guhurumbira imico n’imigenzo ya ba kavamahanga, dushime twongere dushigikire iyacu. Twame twibuka ko « Winjira ishamba utazi ugaca inkoni utazi ».

> « Tugaragaze Ubumwe, tubugendere muri vyose na hose kandi tubukamishe ibikorwa vy’iterambere ». Twipfuza ko ubumwe bwogaragara mu mashirahamwe, mu migambwe, mu madini n’amashengero ; muri vyose na hose.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi ;

21. Impanuro dutanze uno musi zije ziyongera kuri nyinshi tudahengeshanya gutanga kandi ntituzorambirwa. Tubasavye kuzifata nkama, mwame muzibuka kandi muzibukanya. Intambwe tugezeko uno musi mu gutsimbataza Ubumwe irashimishije, yamara tuzirikane ko Ubumwe bwacu budahimbara bose, duheze tubuteramire.

22. Ubu bumwe turiko turasasira indava uno musi, bwaravuzwe n’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, bwarasubiwemwo n’Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe, bwarigishijwe n’Umukuru w’Igihugu Merikiyoro Ndadaye, n’izindi mfura z’Uburundi nyinshi. Hejuru y’ivyo, Ubumwe ni Umugambi w’Imana, ya Mana Abarundi twasubije ikibanza yahorana kuri ba Sokuru. Muze rero tubukomeze kuko « Imana igira aho imaniye ».

23. Mu gusozera, twashaka dusubire kwipfuriza Abarundi bose n’ababa mu Burundi umusi mukuru mwiza, tubasaba kwamiza ku mutima na ntaryo ko ikiruta ikindi ari Ubumwe bw’Abarundi. Ubumwe bwaranze ba Sokuru imyaka n’imyaka. Kubushira imbere rero ni ukugendera iryo ragi ryiza rya ba Sokuru n’ugutera iteka Igihugu cacu. « Tugaragaze Ubumwe, tubugendere muri vyose na hose kandi tubukamishe ibikorwa vy’iterambere ».

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI YONGERE

IBUNGIRE UBUMWE, MURAKOZE.

Retour
Discours: President et autres

Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza Uburundi buhimbaza umunsi w’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi 2019.

Burundi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves