AUJOURD'HUI
138
SEMAINE DERNIERE
4084
PAGES VUES
537510
TOTAL VISITES
601149

Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza mugihe yariko yipfurizanya umwaka mwiza w’i 2019 n’inzego z’umutekano no kwivuna abansi

1. Kuri uno musi uri hejuru, igenekerezo rya 18 Kigarama, umwaka w’2018, Turi n’iteka n’akanyamuneza ntangere vyo kwifatanya n’indongozi mu nzego zijejwe kwivuna abansi, kubungabunga umutekano n’igendereza ngo twipfurizanye Noeli nziza n’umwaka mushasha mwiza w’2019 tugiye kwinjiramwo.

2. Turashimishwa cane no kubona duhuriye muri uru Rubanza Igihugu cacu kirangwamwo amahoro, umutekano n’impore mu mpande zose, Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi barangura imirimo yabo ya misi yose ata nkomanzi. Ivyo tukaba tubikesha umwete, ubutwari, ukwitanga, ubwira n’ubukerebutsi vyaranze umwe wese mu gikorwa ajejwe. Ni mukomere ku muheto, ni mukomere kw’ibanga !

3. Turakengurutse cane ko mwashimye ko dusubira duhurire hamwe muri mu ntumbero yo kwihweza ingene umwaka urangiye wagenze mu mirimo itandukanye mujejwe. Uwu ni Umugenzo mwiza cane.

4. Nifadikanije n’umuryango wanje, nkundire nanje ndabipfurize mwese hamwe n’imiryango yanyu, n’abo musangiye imirimo batashoboye gushika muri iki kibanza, Noweri nziza n’Umwaka mushasha w’2019 ugiye gutangura. Uze ubabere umwaka w’amahoro, umutekano n’iterambere mu ngo zanyu no mu gihugu cose, Umwaka w’amata n’ubuki, Umwaka wo gutunga no gutunganirwa, Umwaka wo kubona Umuco n’Ububasha vy’Imana.

5. Ego nivyo umusi nk’uyu ni akaryo ko guhurira hamwe tukiginana, tukidagadura. Ariko cane cane ni akaryo ko kwirimbura, kwigira inama yo gutorera inyishu ibibazo mwahuye, no gushira ahabona imigambi muzokwisunga mu mwaka ugiye gutangura.

Banyakwubahwa mwese,

Batumire bahire ;

6. Naho indinganizo y’ibikorwa birangugwa hakoreshejwe uburyo bw’Igihugu yahindutse kubera itegeko rishasha rigenga amafaranga Reta ikoresha, bituma umwaka w’ivyo bikogwa utangura mu kwezi kw’indwi kw’umwaka, ukarangira mu kwezi kwa gatandatu kw’uwundi mwaka, ntikibuza ko mu gihe co gusozera umwaka mwihweza intambwe mugezeko kugira murabe ahoba hakenewe ko mwongereza inguvu kurusha ahandi no kwishimira aho bigenda neza.

7. Abarundi barayamaze ngo : “Ubunyegeri buyagira kw’igufa”. Uyu ni umwanya mwiza ku basirikare n’abaporisi bose aho baherereye hose, mu gihugu canke mu makungu, wo kwihanagura akuya no kunezerererwa ivyo mwaranguye, mu kongera mu gasangira Ijambo n’ugusozerana umwaka n’abo mwafadikanije kugira mushikire intambwe mugezeko.

8. Kw’izina ry’Abatumire bose bashoboye gushika muri bino birori, twagomba tubakeze ku bikorwa vyinshi kandi vyiza twiyumviye mwaranguye. Kw’izina ry’Abarundi bose naho, turakenguruka ko mwitanze mutiziganya, mugakora ijoro n’umurango kugira muhashe inkozi z’ikibi ata kindi zirota atari ukudusubiza mw’ihumbi. Iteka n’itekane birangwa mu gihugu cacu, ni mwebwe tubikesha imbere y’abandi bose, ni naco gituma twaraye tubahaye amanota 97 kw’ijana mu runani rw’inyabune muhuriramwo n’izindi nzego.

9. Abatuboneye izuba barayamaze ngo “Nta nyambo ibura agahonzi”. Twumvise ko hakiri agahaze, ariko ni mureme kandi turaremye kuko ishaka ryo gukora ibitakozwe twumvise ko rihari, kandi vyose bigenze neza nta tandukaniro ryoba rikibaye hagati y’ivyo mw’isi n’ivyo mw’ijuru, akazi koba gaheze.

10. Iruhande y’ivyo kandi twumvise ko hakiri agahaze mu bijanye no gutegekaniriza abageze mu za bukuru biciye muri INSS, hamwe n’imigenderanire n’urwego rujejwe kuvuza abakozi ba Reta, (Mutuelle de la Fonction Publique).

11. Turasavye Abashikiranganji babajejwe, ko inyuma y’uru rubanza boca bicarana na bagenzi babo begwa n’ibibazo vyo muri INSS na Mutuelle de la Fonction Publique, kugira ngo ibibazo mwadutuye bavyicarire, maze tuzosubire guhurira mu rubanza nk’uru vyatorewe umuti burundu kandi urama.

12. Ntimwibaze ko ari ukumena umushike, ni ukubandaniriza kw’isemo tugezeko kuko intumbero yaratanzwe kandi hari ibimaze gukorwa. Mwamane umutima wo kwihangana, kwiyumanganya no kwizera, muzirikane ko kwizera no kwihangana bishikana ku ntsinzi. Imbere ni heza cane.

13. Iyo tuvuze ko Imbere ari heza, dufatira kw’Iyerekwa. Ivyo amaso atwereka ni bike ugereranije n’ivyo Umutima n’Umuzirikanyi bitwereka.Nkako, ubutunzi bw’Uburundi bugizwe n’Abantu n’ibintu. Ibintu ni vyinshi, hari ibiboneka n’ibitaboneka.Ikigaragara ni uko n’ibiboneka ari vyinshi ku buryo abuzukuru n’abuzukuruza bacu nitwabicungera neza bazobisigira ababakomokako.

14. Ngarutse ku butunzi nyamukuru ; Abantu, nobamenyesha ko hari ingabire nyinshi kandi zidasanzwe mu Barundi, kugeza n’aho Abarundi bahurumbirwa cane. Mwibuke ko hari Intwazangabo zagiye mu mahanga kunonosora ivyigwa zitagarutse, mumenye ko hari abanyamahanga bamaze imisi bashwara amashure y’intango n’ayisumbuye batwara abana b’Abarundi b’incabwenge.

15. Ubwo bwose ni ubutunzi.Dutegerezwa gukora ibishoboka vyose bakagaruka mu Burundi. Ivyo bizoshoboka dukoze tutiziganya tugateza imbere Igihugu cacu, ariko na cane cane tugakingira itunga Rusangi Imana yadusangije. Tuboneyeho gushimira abajejwe umutekano no kwivuna abansi ku twigoro n’umutima wo kwitanga mu gukingira ubutunzi bw’Igihugu.

Ntwazangabo,

Bisongerezi,

Basirikare namwe baporisi aho muri hose ;

16. Iruhande y’imirimo mujejwe mu kazi ka misi yose, twagomba tubakengurukire dushimitse ku bikorwa mwaranguye bijanye no gukingira ibidukikije mu gutera ibiti no kugwiza amatuta y’imbuto zavyo, mukaba mwerekanye ko umugambi w’Igihugu wo kwambika imisozi y’Uburundi wiswe “EWE BURUNDI URAMBAYE” mwawugize rwanyu.

17. Ivyo bikaba vyerekana ko mwitwararitse bimwe biboneka ineza n’iteka vy’Uburundi mu bisata vyose bigize ubuzima bw’Igihugu. Tubifurije gutera muja imbere, mubandanye mubera akarorero keza Abarundi bose. Ntimwitangira Uburundi gusa, n’Amakungu ntimuyasiga inyuma, gushika naho bamwe muri mwebwe bahasiga ubuzima.

18. Muri abo basize ubuzima ku Rugamba, harimwo Abasirikare, Abaporisi n’abakora mw’Igendereza. Munkundire tumare umwanya mu gacerere twibuka izo ntwari zacu twabuze tutanka.

19. Ivyo mujejwe si akazi gasanzwe kandi si umwuga nk’iyindi, ni Ibanga. “Ibanga riraheberwa” kandi “Ibanga ribangirwa ingata”. Murame na ntaryo mwitwararika ko “Akagumye bagumako”. Intwari n’Abahizi rurangiranwa nka Ntare Rushatsi, Ntare Rugamba, Mutaga III, Mwambutsa III na Mwezi Gisabo n’abandi benshi bababere akarorero.

Banyakwubahwa mwese,

Ntwazangabo,

Basirikare namwe bapolisi aho muri hose ;

Batumire bahire ;

20. Nkuko twama tubigira kandi tutazohengeshanya kubikora, twagomba dusubire tubahe impanuro n’aho kuri benshi ari ukwibukanya. Mu majambo make, twagomba dusubire kwibutsa abari mu nzego zijejwe kwivuna abansi no kubungabunga umutekano n’igendereza kwamiza ku muzirikanyi ibi bikurikira :

Ubwa mbere : Kwama na ntaryo mugize urunani rw’intamenwa. Inzego zanyu ni magiriranire, ni inzego zungurana kandi zuzuzanya. Mutegerezwa rero kwama musenyera ku mugozi umwe mu migambi n’ibikorwa vyanyu vyose.

Ba sokuru barayamaze ngo : “Umutwe w’umwe ntiwigira inama”, kandi ngo : “Umwe yifasha gusara ntiyifasha gusaba”. Ni musangire akabisi n’agahiye. Kanatsinda musangiye ugupfa n’ugukira.

Ubwa Kabiri : Murama mugendera discipline kuko ari yo nkingi nyamukuru y’inzego muhurikiyemwo, haba mu Burundi canke mu makungu ;

Ubwa Gatatu : Murama mwirinda kugira nkunzi na mpinga yanje mu gutunganiriza Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi, mu kubabungabungira umutekano wabo n’ivyabo ;

Ubwa Kane : Muririnda ba sesankuyoze n’abo bose bagomba kubatesha umurongo babinjiza mu vya poritike kandi amategeko abagenga atabibemerera ;

Ubwa Gatanu : Murame na ntaryo murangwa n’ukwubahana : umuto yubahe umukuru, umukuru nawe yubahe umuto kandi amwubahirize ;

Ubwa Gatandatu : Muramirira kure inyosha mbi zose aho ziturutse hose, mwumvirize nyabuna ababarongoye kandi mubayoboke ;

Ubw’Indwi : Muririnda ingeso mbi zo gusesagura itunga ry’Igihugu no gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu na cane cane abana, abapfasoni, abagendana ubumuga n’abageze mu zabukuru ; mugwanye mwivuye inyuma urudandazwa rutemewe n’amategeko, ibiturire n’ibiyayuramutwe, cane cane ku mbibe z’Igihugu cacu.

Ubw’Umunani : Murabera ijisho n’ugutwi abarongoye Igihugu kugira ntihagire abaduca mu ryahumye, maze ingingo zikenewe zose zifatwe atakirononekara. Murame murangwa n’umutima wo gukunda Igihugu mu mvugo no mu ngiro.

Ubw’Icenda : Kunagura Ubuhinga n’Ubumenyi ni igikorwa co guhozako. Muritwararike gukarisha ubwenge no kubukarihirizanya mu buryo bwose bushoboka, na cane cane ubuhinga n’ubumenyi bujanye no gucungera umutekano w’ahacukurirwa ubutare hamwe n’imigambi mikuru y’Igihugu nk’amabarabara n’inyubako rusangi.

Ubw’Icumi : Inzego zanyu zihurikiyemwo Abarundi, kandi hari vyinshi cane musangiye n’abandi Barundi batari muri izo nzego. Musabwe rero kwifatanya n’abandi Barundi mu bikorwa bitandukanye bishira imbere Iterambere n’Iteka

vy’Igihugu, cane cane kuzirikana Igihugu ico arico, n’ico umwe wese ategerezwa kugikorera.

Ubw’Icumi na rimwe : Aha muri hari abandi kandi ejo canke hirya y’ejo hari abazobakorera mu ngata. Musabwe kwitwararika, imisi yose na hose, gusiga Iragi ryiza n’izina ryiza mu bicishije mu bikorwa bitazimangana nk’Ibitabu, Amareresi, Inyubakwa n’Ivyibutso.

Ubw’Icumi na kabiri : Amahoro n’umutekano dufise ashimisha benshi ariko ntanezereza bose. Murame maso rero kuko “uwutambana na mukeba ntakubita urugohe”.

Ubw’Icumi na gatatu : Mwese mwame muzirikana na ntaryo ko Ijunja n’Ijambo Uburundi bufise uno musi, tubikesha Ubutwari n’Ubuhizi vyaranze abatuboneye izuba, maze twirinde kubatetereza no kubahemukira.

Ubw’Icumi na kane : Mutegere na ntaryo ko atawuzokunda Uburundi kurusha mwebwe benebwo, mubukorere neza, mubuvuge neza mubwitwararike mu vyiyumviro, mu mvugo no mu ngiro.

Ubw’Icumi na gatanu : Inyigisho zo kuzirikana Igihugu twabahaye murazamiza ku muzirikanyi zongere zibabere inzira yo kugira ubushakashatsi kugira mumenye vyinshi. Nakare “Ntawuheka uwutisimbiza”.

Ubw’Icumi na gatandatu : Aho muri hose muzokwame mwibuka ko Urugo ari Umushinge w’Igihugu. Guteramira Iteka n’Itekane vy’Igihugu bihere mu ngo zanyu, mu miryango no mu kibano, mubere akarorero keza abandi.

Ubw’Icumi n’indwi : Ikindi mwokwitwararika kumenya ni uko abansi b’Igihugu bazi neza ko Inzego zo kwivuna abanzi no kubungabunga umutekano ari Inkingi n’Inkinzo vy’Igihugu, barazi imizi Igihugu gishingiyeko, kuva na kera bamye bagerageza kumenera muri izo nzego, bibataye kuwâmâzi bagasimbira kw’isunzu ry’inzu, bagakinda bagaramye mu gutyoza izo nzego.

Ubw’Icumi n’umunani : Ni mureme kandi muremeshanye ; “Ibuye riserutse ntiryica isuka”. Murabereka ko mwabahinyuye, bamaramare, bateshwe bate. Ntaco batakoze, ntaco batavuze, bazobita amazina mabi menshi kuko “Uwugutuka ntagutorera”. Yamara rero “Umuvumo ntubuza umuvumu kunaga”, bazobacira icobo Imana nayo ibacire icanzo”.

Ubw’Icumi n’icenda : Imisi yose na hose, muramize ku muzirikanyi ko Igihugu ari ryo tunga riruta ayandi yose mwarazwe na basokuruza, kandi ko ari ryo tunga muzoraga abana, abuzukuru n’abuzukuruza banyu. Iryo tunga rero mwirinde kuryanjanjwako, muriteramire ijoro n’umurango.

Ubwa mirongo ibiri : Murame mugendera Iragi rya ba sokuru. Kuva ku ntwaro z’Abami gushika mu gihe co guhabuza Intahe yo Kwikukira, Imana yamye ari Umucisho, Umuheto n’Inkinzo vy’Uburundi n’Abarundi.

Imana-Umwami-Uburundi cari Icivugo c’Ingoma y’Uburundi ; kandi namwe ntimuhengeshanya kuririmba ngo “Burundi bwacu… Imana yakuduhaye ikudutungire”. Murame muzirikana ko ata muheto canke inkinzo bisumba Imana Mushoboravyose. Ni yo soko ry’Ubwenge kandi niyo

itanga kunesha. Murame muyitura uko bukeye uko bwije, imisi yose na hose, ntizobatetereza.

Banyakwubahwa mwese,

Ntwazangabo,

Basirikare namwe bapolisi aho muri hose,

Batumire bahire ;

21. Mu gusozera, dusubiye kwipfuriza intwaramiheto n’abapolisi b’Uburundi n’imiryango yabo, aho bari hose, haba mu Burundi canke mu makungu iyo bari mu mirimo itandukanye, umwaka mushasha w’2019. Uze ubabere umwaka muhire, umwaka w’amahoro n’imigisha myinshi iva ku Mana, umutekano, ibikorwa n’iterambere kuri bose.

22. Twongeye kandi gushima ubutumire n’icicaro c’iteka mwaduhaye muri iki kibanza kibereye ijisho, tutibagiye n’inzimano mwaduteguriye.

IMANA IBAHEZAGIRE !

MURAKOZE !

Retour
Discours: President et autres

MESSAGE A LA NATION DU PRÉSIDENT DE LA REPUBLIQUE 4 ANS APRES LA PRESTATION DE SERMENT SUITE AUX ELECTIONS DE 2015

Burundi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves