AUJOURD'HUI
55
SEMAINE DERNIERE
2661
PAGES VUES
171206
TOTAL VISITES
136513

« Imyaka 25 iraheze hemejwe Amasezerano ya Afrika yerekeye Amateka n’Imibereho myiza y’Abana : Tugire umwete n’ubwira mu kurandurana n’imizi ibituma abana bajanwa kwubaka izabo ku nguvu muri Afrika »

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE GUSHIGIKIRANA, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU GUHIMBAZA UMUNSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W’UMUNYAFRICA, 16 RUHESHI 2015

1. Igenekerezo rya 16 ruheshi n’umusi ntibagirwa mu mateka y’ibihugu vyo muri Afrika. Vyongeye,Uburundi burifatanya n’ibindi bihugu vyo k’umugabane wa Africa mu guhimbaza umunsi wahariwe Umwana w’umuny’Afrika.

2. Muti uwo munsi watanguye gute ? Uwo munsi washinzwe n’Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vy’ Africa (Union Africaine), mu ngingo yaryo CM/RES 1290, mu kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto muri Africa yepfo mu mwaka w‘1976, abo nabo akaba atakindi bazize atari ukwo bariko barasaba uburenganzira bwabo bwo kuja mw’ishure nka bene wabo b’abazungu. Aho hari ku ntwaro karyanishamiryango yarangwa muri ico gihugu.

3. Muri uno mwaka, uyo munsi urafise ico wiharije kubera ko uhuriranye n’ihimbazwa ry’Isabukuru y’imyaka 25 iheze hemejwe Amasezerano ya Afrika agenga Amateka n’imibereho myiza y’Abana. Ni naco gituma, hatowe icivugo gikurikira : « Imyaka 25 iraheze hemejwe Amasezerano ya Afrika yerekeye Amateka n’Imibereho myiza y’Abana : Tugire umwete n’ubwira mu kurandurana n’imizi ibituma abana bajanwa kwubaka izabo ku nguvu muri Afrika ».

4. Twisunze ibihe turimwo muri ino minsi mu gihugu cacu, twashimye kuwuhimbaza ku civugo gikurikira : “Imyaka 25 iraheze hemejwe Amasezerano ya Afrika yerekeye Amateka n’Imibereho myiza y’Abana : Dushire inguvu hamwe mu gukingira abana ico cose gituma agateka kabo katubahirizwa”.

5. Umugabane wa Africa uhimbaje uyu munsi mu gihe ngaha mu gihugu cacu hari ikibazo co gukingira agateka k’abana, bivuye ku myiyerekano imaze iminsi na cane cane mu ma “quartiers “ amwe amwe yigisagara ca Bujumbura.

6. Muri iyo myiyerekano vyaragaragaye ko abayiteguye bashira imbere abana batazi ico bakora aho mbere batatinya no kubaha urumogi n’ibindi biyayura mutwe. Ntitwokwirengagiza kandi n’iyindi ngendo igayitse aho abo bagira imyiyerekano bubahutse baraturira impapuro z’abana bari bakoreyeko ca kibazo ca Leta co mu mwaka w’agatandatu ndetse bakaza barasohora hamwe hamwe n’abana bibereye mu masomero.

7. Kubera ibihuha vyabaye imbere y’imyirekano eka no kubera iyo nyene, abafise imitima ihuha barataye izabo bahungira mu bihugu duhana imbibe aho amakuru dukura mu bajejwe kwakira izo mpuzi avuga ko ibice birenga mirongo itandatu kw’ijana ari abana.

8. Ivyo vyose vyaragize ingaruka mbi ku bana na cane cane kuvyerekeye indero, amagara n’ukubaho neza kw’abo tutibaye n’abana bahasize ubuzima bwabo. Twagomba dusubire guhoza abavyeyi n’imiryango yaburiye abana bayo muri iyo migumuko.

9. Twararonse akaryo ko kwibutsa uruhara rw’umwumwe wese, rwaba urw’abanyepolitike, urw’amashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za politique ndetse n’ abavyeyi kugira ngo umwana akingirwe muri vyose na hose. Aha, tukaba twagomba gushimira bimwe bivuye k’umutima inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi kuko zashoboye gukoresha ubuhinga bwazo mukutarwa mu mutego w’abo bagira imigumuko.

10. Uyu munsi, twagomba gusubira kwibutsa dushimitse ko ata n’umwe akwiye kwigira sindabibazwa mubijanye no gukingira umwana : Dukore rero uko dushoboye kwose, dushire inguvu hamwe mu kwirinda no kwiyamiriza gukwegera abana mu bukozi bw’ikibi ubwo ari bwo bwose.

11. Utwigoro twa Leta tuzogira ico dushitseko ari ukwo umwe wese aterereye umuganda wiwe na cane cane abavyeyi bagiye imbere. Kuri ivyo dusavye abarundi bose kwama na ntaryo baharanira amahoro mugushira imbere ikiyago kuri ivyo vyose bishobora kubatandukanya tutibagiye n’ukwama birinda gusuka abana muri ico cose gishobora kubahungabaniriza agateka kabo.

12. Leta y’Uburundi ibicishije k’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Agateka ka Zina n’Iterambere Ridakumira ikaba isubiriye kwiyemeza ko ataco itazokora kugira ibandanye ikingira abana bayo ico cose gishobora guhungabanya agateka k’abo.

13. Ibirori bijanye no guhimbaza nyezina uwo munsi mukuru bizobera muri Komine MPANDA iri mu ntara ya BUBANZA, ku wa gatanu, igenekerezo rya cumi n’icenda ruheshi, uwu mwaka nyene.

14. Dutumiriye rero abarundi bose, aba nya Bubanza na cane cane abana bose ndetse n’amashirahamwe yaba mpuz’amakungu canke ayaha iwacu yitaho agateka k’abana gusidukana n’iyonka muri ivyo birori. Ku bana bose b’abarundi n’abanyafrika bose, umunsi mukuru mwiza !!

NI HAHANGAME UMWANA W’UMURINDI N’UMUNYAFRIKA ;

NI HAHANGAME UMWANA W’UMUNYAFRIKA

TWESE HAMWE, DUKINGIRE ABANA MURI IVYO VYOSE
VYOBAHUNGABANIRIZA AGATEKA ;

MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE !!

Retour
Discours: President et autres

DECLARATION DE S.E VESTINE NAHIMANA AMBASSADEUR DU BURUNDI LORS DE LA 15ÈME SESSION DE L’ASSEMBLÉE DES ÉTATS PARTIES AU STATUT DE ROME

Burunndi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves