AUJOURD'HUI
131
SEMAINE DERNIERE
2461
PAGES VUES
175060
TOTAL VISITES
138227

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU

Barundi, Barundikazi

Ncuti z’Uburundi
1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yo yaduhaye igihugu ciza c’Uburundi. Nihabwe icubahiro hose na bose.

2. Dusubiye gufata aka kanya kugira duhumurize abarundi n’ababa mu Burundi bose inyuma yaho hari akagwi k’inkorabara kashatse guta Igihugu mu kaga.

3. Turateye ivyatsi kandi turiyamirije iyo ngendo ata handi yoshikana Uburundi n’abarundi atari ku maganya no ku marira. Turashimiye amakungu n’akarere bateye ivyatsi bakiyamiriza iyo ngendo yashaje yo gutemebagaza ubutegetsi.

4. Tuboneyeho akaryo ko gusubira guhoza ababuze ababo mur’iyo migumuko, tukongera tukifadikanya n’abakomerekeye mur’iyo.

5. Biragaragara ko iyo migumuko ari kimwe mu vyari vyategekanijwe mu kurondera kugerageza guhirika ubutegetsi. Birafitaniye isano kandi na ca gitero co mu mpera z’umwaka uheze cabereye mu ntara ya Cibitoke, aho abateye baje bava mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Barundi, Barundikazi

Ncuti z’Uburundi

6. Mu ngaruka mbi zatewe n’uko gushaka guhirika ubutegetsi, abantu batari bake barahunze, hari abahungiye mu gihugu ca Tanzaniya, mu Rwanda no muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Hari mbere n’abafashe indege bahungira mu bihugu vya kure. Abo bose Tubasavye gutahuka kuko mu gihugu cose hari amahoro n’umutekano.

7. Dusavye kandi ababanyi b’abo bahunze kubabungabungira ivyabo basize mu gihugu, bafashanye n’abajejwe intwaro n’umutekano.

8. Turasavye kandi ibihugu vyakiriye abarundi bene wacu korohereza uwo wese yifuza gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

9. Turakengurukiye bimwe bivuye ku mutima abenegihugu, kuko bagumye bafatanye mu nda mu butandukane bwabo igihe cose ako kagwi kariko karondera kugisivya.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

10. Nkuko vyasabwe n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora, hisunzwe kandi ivyifuzo vyashikirijwe n’amakungu, akarere Uburundi buherereyemwo, abanyamigambwe bamwe bamwe, Hisunzwe kandi Ibwirizwa Nshingiro n’Itegeko rigenga amatora :

Twaraye dufashe ingingo yo kwigiza inyuma amatora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine yarasanzwe ategekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Rusama uno mwaka. Yungururijwe kw’igenekerezo rya gatanu Ruheshi uno mwaka. Imyiyamamazo kur’ayo matora ikazorangira kw’igenekerezo rya kabiri uko kwezi nyene.Ivyo rero bikazotuma haba ibisikanya mu nzego hubahirijwe ibiringo bitegekanijwe n’amategeko. Amatora rero azotunganywa mur’iyo ntumbero.
Ni mur’iyo ntumbero vyongeye, twaburijemwo imigambi mibisha y’abipfuza intwaro mfatakibanza n’iz’ igikenye twisunze y’amasezerano y’amahoro n’ayo guhagarika intambara burundu.

11. Kubijanye n’umutekano, turasubiye kumenyesha abarundi n’amakungu ko amakomine 119 yose agize igihugu cacu atekanye. Bikaba aruko nyene mu ntara 18 zose zigize igihugu c’Uburundi. Vyongeye turashimiye caane abarundi bose mu butandukane bwabo bafatanye munda, siko vyamye.

12. Imitumba n’amakaritiye 2998 aratekanye. N’ibintu bitanganje yuko tubona imigumuko mu makaritiye ane (4) gusa, naho nyene mu gisagara ca Bujumbura : Karitiye Musaga yo muri komine Muha, Cibitoke na Ngagara zo muri komine Ntahangwa na Nyakabiga yo muri komine Mukaza. Bisigura ko ibice mirongo icenda n’icenda n’ibice mirongo icenda kw’ijana(99,90 kw’100) biri mu mahororo n’umutekano, kandi abanyagihugu bari ku kivi.

13. Turabateye akamo ngo bikubite agashi, ntibabandanye kwiha amenyo y’abatwenzi, tubasavye ko bokwisubizako agashambara, kuko umutekano ni wose mu gihugu, ku buryo amatora azoba ukuri kwamye mu mahoro n’umutekano ntangere. Turakeje kandi turashimiye inzego zose z’umutekano ziyemeje kugarukana umutekano mur’ayo makaritiye no kuwubungabunga mu gihugu cose. Nimukomere ku muheto.
Benewacu dukunda bo mu makaritiye ya Musaga, Nyakabiga, Ngagara na Cibitoke, bo mu gisagara ca Bujumbura, muzirikane ko muri mu makaritiye ane gusa, mwibaze, mwiyumvire, muti : « mbega abandi Barundi amamiliyoni bari mu makaritiye n’imitumba 2998, ko batekanye kandi bari ku kivi kandi biteguriye amatora. Harageze ko namwe mwirimbura.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

14. Ku bijanye n’ibimenyeshamakuru vyagize ivyago kubera akajagari katewe n’ugushaka guhirika ubutegetsi, turifatanije n’abamenyeshamakuru, tukabasaba kwihangana. Turamenyesheje ko amatohoza ariko arakogwa kandi ageze kure. Uwakoze icaha kikagaragazwa n’inzego z’ubutungane azobihanigwa.

15. Turasubiye kumenyesha ko dufise umwitwarariko wo gutsimbataza umwuga wo kumenyesha amakuru. Ni naco gituma dusaba ababijejwe ko bonyarutsa amatohoza kugira ngo turonke umuco ku vyabaye. Inzego zibijejwe zibigire umwitwarariko.

16. Reka tubonereho akaryo ko gukebura no kugabisha ibimenyeshamakuru, vyaba ivyo mu Burundi canke mu mahanga bikora mu nzira yo gucanishamwo abarundi no gucafuza igihugu cacu. Amaraso yasesetse ni menshi. Nta murundi yipfuza gusubira mu ndyane z’amacakubiri afatiye ku moko canke ibindi.Turasaba abamenyeshamakuru, na cane cane abanyamahanga ko n’aho hantu bohakorera, bakerekana ishusho ryiza ry’Uburundi, kuko Uburundi s’ayo makaritiye ane gusa twavuze. Tuboneyeho gusubira gukebura Benewacu bo mur’ayo makaratiye kuko Abarundi barayamaze bati : « UWUTEMA URWIWE BAMUTIZA UMUHORO ». Nta murundi yifuza kuja mu ndyane z’amacakubiri afatiye ku moko n’ibindi.

Tubabaze ikibazo mwebwe abamenyeshamakuru : « Mbega ko igihugu cacu gitekanye ku bice mirongo icenda n’icenda n’ibice mirongo icenda kw’ijana(99,90%), tukaba turi ku kivi, nta vyiza biriho bitera iteka Abarundi mwokwerekana, ndetse n’ivyo turangurira mu bindi bihugu turiko turafasha nko muri Somaliya, Centrafrika, Sudani, Cote d’Ivoire, Haiti, N’ahandi ? »

17. Ni co kimwe n’ivyabereye ku bitaro BUMEREC mu Kinindo, naho nyene dusavye ubutungane kunyarutsa ayo matohoza, ukuri ku vyabaye bimenyeshwe abarundi n’amakungu, abari mu makosa bamenyekane, bose bahanwe hisunzwe amategeko.

Barundi, Barundikazi
Ncuti z’Uburundi

18. Tuboneyeho akaryo ko gushimira imigambwe n’abigenga bemeye guhiganwa biciye mu matora, ubu mbere bakaba bariko bariyamamaza. Iyo ni yo nzira ya Demokarasi, kandi niyo nkingi yo gukomeza amahoro arama twahisemwo.

19. Tuboneyeho n’akaryo ko gukebura imigambwe itarabitangura ko yoja ku rubuga ikiyamamaza, Abarundi bakazokwitorera abo bashaka ko babarongora n’imigambi ibashimishije, biciye mu matora nyene nkuko twavyemeranije mu masezerano y’amahoro n’ayo guhagarika burundu intambara.

20. Turangije dusubira gushimira abarundi ku kungene bagumye bafatanye mu nda muri iyi misi, tukabasaba kwamana na ntaryo uwo mutima. Tubasavye kandi kwitaba amatora, kuko atayindi nzira ihari mu gushikira ubutegetsi no gutsimbataza amahoro arama bizodushikana kw’iterambere twipfuza kandi tunyotewe twese.

IMANA NIHANGAZE UBURUNDI N’ABARUNDI
IMANA IDUHEZAGIRE TWESE ABARUNDI
MURAKOZE.

Retour
Discours: President et autres

DECLARATION DE S.E VESTINE NAHIMANA AMBASSADEUR DU BURUNDI LORS DE LA 15ÈME SESSION DE L’ASSEMBLÉE DES ÉTATS PARTIES AU STATUT DE ROME

Burunndi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves