AUJOURD'HUI
150
SEMAINE DERNIERE
2163
PAGES VUES
127949
TOTAL VISITES
105660

ITANGAZO RYA RETA Y’UBURUNDI KU BIJANYE N’INGINGO YA 2303 Y’INAMA Y’UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YO KU WA 29 MUKAKARO 2016

ITANGAZO RYA RETA Y’UBURUNDI KU BIJANYE N’INGINGO YA 2303 Y’INAMA Y’UMUTEKANO Y’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU YO KU WA 29 MUKAKARO 2016
1. Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, Inama y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yarafashe ingingo 2303 ata mwumvikano ubaye hagati y’abayigize bose, yemera irungikwa mu Burundi ry’umurwi w’Abapolisi 228, ico ciyumviro kikaba cashikirijwe n’igihugu c’Ubufaransa.

2. Reta y’Uburundi ikaba yaratangajwe n’uko guhutagiza ibintu kw’Inama y’Umutekano ya ONU mu kwemeza ingingo ifise ingaruka zihambaye no ku bindi bihugu bigize uwo muryango, kubera yuko igihugu cUburundi iyo ngingo yerekeye kitagishijwe inama nk’uko bisanzwe bitegekanijwe. Kira noneho na bamwe bamwe mu bagize iyo nama nkuru y’umutekano harimwo mbere umwe ari ntayegayezwa baciye berekana agahaze muri iyo ngingo buno nyene ikimara gufatwa.

3. Igitangaje nuko Uburundi bwari bwamenyesheje hakiri kare aho buhagaze kuri ico kibazo kandi bubicishije mu nzira zitegekanijwe n’amategeko, ariko urwandiko rwashikirijwe n’igihugu c’Ubufaransa rukaba rwabirengeje ko uruho rw’amazi.

4. Ku bijanye n’irungikwa ry’abo bapolisi, Reta y’Uburundi yashaka kwibutsa Inama y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yuko uko bisanzwe bitegekanijwe, ingingo yemejwe hisunzwe ikigabane ca 6 c’Amasezerano agenga Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ibwirizwa kubanza kwumvikanwako ikongera ikemerwa n’igihugu yerekeye, ivyo navyo bikaba atariko vyagenze.

5. Nico gituma Reta y’Uburundi yiyamirije ingingo yose yoza itegekanya kuzana inteko mva makungu ku gataka k’Uburundi habanje guhonyangwa amategeko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rigenderako, na cane cane hahonyanzwe intahe y’ukwikukira,no kwishira n’ukwizana kw’Uburundi.

6. Nimba mu minsi iheze, ubu haraciye nk’amezi arenga atandatu, Reta y’Uburundi yari yemeye irungikwa ry’umurwi w’abapolisi ba ONU igitigiri kiri hagati ya 20 na 50 ata birwanisho bitwaje kugira ngo baze kunagurira ubumenyi n’ubuhinga igipolisi c’Uburundi mubijanye no kurwanya iterabwoba, Reta y’Uburundi ibona yuko muri iki gihe ibintu vyahindutse, ico kibazo kikaba ari ico gusubira kwihwezwa bushasha kubera yuko umutekano wongerekanye kandi n’abawujejwe bawucungereye neza cane kandi mu gihugu cose.

Ariko, kubijanye n’abarorerezi hamwe n’abahinga mu vya gisirikare bashika 200 b’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika Reta y’Uburundi yemereye kuza, barahawe ikaze, hasigaye gusa guheraheza amasezerano ajanye n’ingene bazorangura imirimo yabo.

7. Mugihe naho boguma babona yuko hakenewe inteko mvamakungu kugira ngo umutekano uboneke muri aka karere, Reta y’Uburundi isavye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kuzozirungika mu gihugu c’Urwanda aho abaza guhungabanya umutekano mu Burundi baronkera imyimenyerezo, bakahigishirizwa ivya gisirikare. Ivyemezo birahari kandi Inama y’umutekano ya ONU yararonse ivyegeranyo bihagije kandi vyerekana neza aho izo nkozi z’ikibi ziherereye n’ivyo zihakorera.

8. Ariko rero Reta y’Uburundi irasubiye kwiyemeza kuzoguma ifashanya n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ku bibazo vyose biraba amahoro n’umutekano, agateka ka zina muntu n’iterambere mu gihe hazoba hubahirijwe intahe y’ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi nk’uko amategeko iryo shirahamwe rigenderako abitegekanya.

9. Ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu nyene, Reta y’Uburundi yashaka kwibutsa yuko isanzwe ikorana n’Ikigo kijejwe ivy’agateka ka muntu mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ivyo navyo bikagaragarira ku ngendo zitari nke abahinga ba ONU bo muri ico gisata bamaze kugira mu Burundi tutibagiye ibigo vyitaho agateka ka zina muntu ngaha mu Burundi Reta imaze gushiraho ; aha twovuga nk’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka Muntu ubu uri ku kivi kandi ukaba ukorana cane n’Ikigo ca Onu kijejwe agateka ka muntu ng’aha mu Burundi.
10. Ku bijanye n’ibiganiro bihuza Abarundi naho, Reta y’Uburundi irashimishwa n’ukugene bigenda bitera intambwe ibereye haba ngaha mu Burundi canke hanze y’igihugu. Ikaba ishima kandi ikongera ikaba ishigikiye igikorwa gishimishije kimaze kurangurwa n’umuhuza yagenywe n’Umuryango w’Ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Nyen’icubahiro William Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu kibanyi ca Tanzaniya , Reta y’Uburundi ikabona ariko yuko ata wundi yoza ava hanze akwiye kwivanga muri ico gikorwa ciwe kuko yohava amwononera ikivi n’umurimo yashinzwe n’Umuryango w’Ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko.

11. Tubandanije n’ibijanye n’iryo rungikwa ry’abapolisi ba ONU mu Burundi nyene, twashaka kumenyesha yuko atari ubwa mbere hageragezwa kurungikwa inteko mvamakungu ku gikenye ngaha mu Burundi. Mwokwibuka ko kw’igekerezo rya 17 Kigarama 2015 haraye habaye ibitero vy’abihevyi ku makambi y’igisirikare atatu mu gisagara ca Bujumbura n’ikambi y’i Mujejuru, kw’igenekerezo rya 11 kigarama 2015 Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika ryohejwe n’ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya cane cane Ububiligi, ryasavye yuko horungikwa inteko z’abasirikare 5000 ngo boza gucungera umutekano w’Abarundi, kandi Reta y’Uburundi itagishijwe inama canke ngo babe bishikiye mu gihugu ngo babone ko abo basirikare bakenewe canke badakenewe.

12. Ikinejereje n’uko Abarundi baciye bahagurukira icarimwe bariyamiriza ico ciyumviro carangwa n’agasuzuguro n’akagaye katagira uko kangana ku gihugu cikukiye. Aha rero Abarundi bakaba batatinye kugaragaza icese ishaka ryabo bafise ryo kurwanira intahe y’ukwikukira baronse bitoroshe. Ikindi kinejereje, nuko n’Inama y’Abakuru b’Ibihugu bigize Umuryango w’Ubumwe bw’Afrika yiyamirije ikamirira kure ico ciyumviro kuko babonye yuko ataho cari gifatiye.

13. Ku ruhande rwayo naho, Reta y’Uburundi yaratomoye neza mw’itangazo ryayo ryo ku wa 18 Nzero 2016 mu ngingo y’ 8 agace ka 2 yuko Abarundi batabona ico izo ngabo mvamakungu zoba zije gukora ku gataka k’Uburundi kandi ko ataho zitaniye na za ngabo zarungikwa mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wa 1994 arizo zimwe bita MINUAR izindi TURQUOISE bisabwe n’igihugu c’Ubufaransa nyene, zikaba ataco zamariye abanyarwanda, atari uko n’ubu amakungu acikugura ihonyabwoko ryahabaye n’inganda zahatikiriye izo ngabo zirorera.

14. Reta y’Uburundi ibona rero yuko ata muntu afise umutima yokwemera yuko igihugu c’Ubufaransa coza kugeragereza mu Burundi umugambi mubi w’ihonyabwoko nk’iryabaye mu Rwanda mugihe kitarakira ingorane zitewe n’uruhara ico gihugu coba caragize muri iryo honyabwoko ndetse n’impari Ubufaransa bufitaniye n’Urwanda kuri ico kibazo nazo nyene zikaba zitarahera.
Reta y’ Uburundi rero ikaba idashobora kwemera yuko Abarundi ari bo bagirwa incungu yo kugirango ivyo bihugu bishobore gusubira kunywana no gusubiza hamwe. Abarundi bobo ku biberekeye barazi aho bavuye n’ingorane baciyemwo muri kahise kabo, ivyo bigatuma batazigera bemera yuko hari ihonyabwoko ribera ku gataka k’Uburundi.

15. Mu gusaba ko harungikwa abo Bapolisi ngaha mu Burundi, Ubufaransa bwashatse gukorera mu ngata igihugu c’Ububiligi kuko ari bwo bwafashe iya mbere mu gushikiriza ico ciyumviro co kurungika inteko mva makungu ngaha mu Burundi, ariko bukaba busa nk’uburiko burahesha kubera bwabonye yuko uruhara bufise muri kahise k’Uburundi butabworohereza kuguma buseruka. Ubufaransa nabwo busa n’ubwiyobagiza ukugene umutekano uguma wiyongera mu gihugu naho hakiri inkozi z’ikibi ziza ziradurumbanya, zije ziva mu makambi y’impunzi mu gihugu c’Urwanda ari naho baronkera imyimenyerezo n’inyigisho za gisirikare kugirango baze gutera Uburundi.

16. Iryo rungikwa ry’izo nteko mvamakungu, mwomenya yuko ata kindi rigamije atari, nk’uko vyabaye mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wo 1994, ugushaka kuryanisha Abarundi no gucanishamwo inzego zijejwe umutekano zisanzwe zifatanye mu nda, ivyo navyo tukabikesha amasezerano y’Amahoro y’i Arusha be n’ayandi masezerano yo guhagarika intambara Abarundi biyemeje.
Reta y’Uburundi yashaka kwibutsa amakungu cane cane Inama y’Umutekano ya ONU yuko ukwo gufatana mu nda kw’inzego z’umutekano ariko kwatumye ivyagiye birageragezwa vyose mu ntumbero yo guhungabanya n’ugushaka gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu ataco bishikako.
Izo nteko mvamakungu rero Abafaransa bagomba kuzana zikaba arizo gucira icibare no gukingira ya mirwi y’inkozi z’ikibi inzego z’umutekano zashwiragiza ubu zikaba zitakigira isaganirizo.

17. Ikindi naco nyene amakungu akwiye kumenya, nuko ukwemeza iyo ngingo yo kurungika abo Bapolisi mva makungu, ari ugutera intege ya mirwi y’abihevyi ata kindi kibaranga atari ibikorwa vy’iterabwoba.
N’ikimenyamenya nuko bagitangaza yuko iyo ngingo imaze kwemezwa, uwo munsi nyene inzego zijejwe umutekano zaciye zita muri yompi umurwi w’abarwanyi bafise ibirwanisho , impuzu z’igisirikare n’izigipolisi bashika hafi 50 mu ntara ya Rumonge mu Bumanuko bw’igihugu hakaba harimwo n’abana baciga mu mashule yisumbuye. Izo nkozi zikibi zikaba zariyemereye yuko bari batashe bava mu gihugu c’Urwanda aho bahora mu myimenyerezo bakaba bari baje gutera Uburundi. Aha ntawovuga yuko vyabaye uguhurirana giturumbuka n’iyo ngingo ya ONU yari ihejeje gufatwa, ahubwo bigaragara yuko bari babizinanyemwo.

18. Twomenyesha yuko ico gikorwa co gufatwa kw’inkozi z’ikibi n’abajejwe umutekano kije ciyongera ku bindi bikorwa bitari bike bimaze gukorwa mu ntumbero yo gukura ibirwanisho mu benegihugu batabifitiye uruhusha ari navyo vyanatumye umutekano usasagara mu gihugu cose, ndetse no muri ya makaritiye yari yahitiyemwo imigumuko ubu ubuzima bukaba bwarasubiye kumera nk’uko bwahora imbere y’igihe. Ivyo navyo tukaba tubikesha ubwira n’ubukerebutsi bw’abajejwe umutekano kandi bakaba babikoze ata nteko zivuye hanze y’igihugu zirinze kurungikwa ngo zibafashe.

19. Ku bijanye n’ibikorwa bibi vyo guhungabanya umutekano mu Burundi, igihugu c’Urwanda gifise mwo uruhara Reta y’Uburundi ntiyahengekanije kwereka Abaserukira ibihugu vyabo ngaho mu Burundi, Abarundi n’amakungu ivyemezo bihagije igihe cose imirwi y’inkozi z’ikibi yaba yaje gutera Uburundi ivuye muri ico gihugu yaba yatawe muri yompi n’abajejwe umutekano.

Aha twokwibutsa yuko Iguhugu c’Ubufaransa gisanzwe gifise ngaha i Bujumbura ubuserukizi bwaco bunakerebutse, kitovuga yuko ivyo bintu kitabizi, kubera yuko tuzi yuko ubwo buserukizi buguma burungikira igihugu cabwo amaraporo ahagije.
Turetse n’ivyo, n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU riza ryararonse iraporo zikwiye ubu rikaba rizifise, zijanye n’urwo ruhara Urwanda rufise mu guhungabanya umutekano mu Burundi, aha abantu bakaba bibaza igituma abo Bapolisi batorungikwa ahubwo mu Rwanda nyene aho boja gucungera ivyo bibanza bitangirwamwo imyimenyerezo ku baza guhungabanya amahoro n’umutekano ngaha mu Burundi.

20. Reta y’Uburundi yashaka kwibutsa kandi Inama y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yuko mu kiringo c’imyaka 33 yose (kuva 1962 gushika 1995), ikiringo caranzwe n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bujanye n’ihonyabwoko, hafashwe gusa ingingo zibiri zitarenga zerekeye Uburundi, iya mbere ifise nomero 173 yo ku wa 26 Mukakaro 1962 ikaba yari iyemerera Uburundi kwinjira mu muryango w’ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iya kabiri ikaba ifise nomero 1012 yo mu mwaka 1995 isaba umuco ku bwicanyi bwakurikiye igandagurwa bunyamaswa rya Melchior NDADAYE, Umukuru w’iguhugu wa mbere yari yitorewe n’abenegihugu kuva Uburundi bubayeho.

Ariko, kuva mu mwaka 2005 gushika 2016, ni ukuvuga igihe Uburundi butanguye gutwarwa n’inzego Abarundi bitoreye, hamaze gufatwa ingingo zishika 16 ku Burundi, 3 mbere murizo zikaba zafashwe mu kiringo kitarenga umwaka umwe ni ukuvuga kuva 2015-2016. Abarundi bibaza vyinshi kuri ako gacerere kigaragaje muri ivyo bihe vya mbere kandi bizwi ko vyaranzwe n’ubwicanyi n’amahonyabwoko, ukamenga ubu niho amakungu ageze kwikangura.

21. Reta y’Uburundi rero igasaba Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yuko wenyene ubwiwe yokwicarira ico kibazo akihweza neza igituma ibihugu bimwe bimwe cane cane Ubufaransa n’Ububiligi vyijukiye kuguma bitoteza igihugu c’Uburundi mu bindi bihugu vyose bigize Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Kubwa Reta y’Uburundi yoyo, biragaragara neza ata gukekeranya yuko uko guhagurukira rimwe kw’ivyo ibihugu bifise uruhara muri kahise kabishe k’Uburundi kubera imigenderanire vyari bifitaniye muri ico gihe, gufise intumbero yo kuburabuza ibikorwa vy’Umurwi ujejwe kumenya Ukuri no Kurekuriranira cane cane muri iki gihe uwo murwi ugeze ku ntambwe ihambaye yo kwakira no kwegeranya ibirego n’ivyemezo bishikirizwa n’abakozweko n’amabi yagiye arashikira Uburundi.

22. Mu gusozera, Reta y’Uburundi isavye Abarundi bose na cane cane abari mu nzego zijejwe umutekano kuguma barikanuye, bongere bagume bafatanye mu nda kugira ngo bahangane n’iryo terabwoba rishasha ata yindi ntumbero rigamije atari gucanishamwo Abarundi no guhonyanga no kwambura intahe yo kwikukira Uburundi bwaronse bigoranye.

Abenegihugu nabo Reta ibasavye kudasamazwa n’ivyo bihuhusi, ahubwo bijukire kuruta uko bahora ibikorwa vy’iterambere no kurwanya ubukene kuko ari we mwansi wabo wa mbere ababangamiye.

Bujumbura, 02 Myandagaro 2016
Umunyamabanga Mukuru wa Reta
akaba n’Umuvugizi wa Reta
Filipo NZOBONARIBA.

Retour
Discours: President et autres

MESSAGE TO THE NATION BY HE PIERRE NKURUNZIZA ON THE OCCASION OF THE 1ST ANNIVERSARY OF HIS INAUGURATION

Burunndi en Bref
Videotheque
Liens Utiles(autres sites)

www.burundi.gov.bi
www.presidence.gov.bi
www.vicepresidence2.gov.bi
www.senate.bi
www.assamblee.bi
www.arb.bi

© Copyright Republique du Burunndi. Tous droits reserves